Radio
Iwanyu mu ntara
mu Rwanda ubutegetsi bwongeye kuvugurura ingamba zo kwirinda Covid 19. Amasaha y'ubucuruzi yongerewe. Uburundi buravuga ko inyeshamba z’umutwe wa ADF-NALU urwanya ubutegetsi bwa Uganda zishobora kuba zifuza kwambuka zigashinga ibirindiro mu ntara za Bujumbura, Cibitoke na Bubanza zo mu Burundi. Perezida Museveni wa Uganda ejo yatangaje ko ikibazo cya ADF kizarangira acyita 'akabazo kadateye impungenge ingabo za Uganda zizarangiriza muri Republika ya demokarasi ya Congo'. Yabivugiye mu birori byo kwizihiza imyaka 36 ishize ingabo yari ayoboye za NRA zifashe ubutegetsi.
Murisanga
Murisanga y'uno munsi ishimikira ku bibazo bitandukanye bivugwa mu gisata c'indero mu Burundi. Abatumire Umumenyeshamakuru Diane Nininahazwe yatumiye ni: Libérat Ntibashirakandi, yigisha kuri Université libre de Bruxelles mu Bubirigi na Manuma Antoine yigisha kw'ishure ryisumbuye ry'intara ya Rutana, Lycee Rutana, akaba atwara urunani, FNASEEB, ruhurikiyemwo abigisha bo mu ntara zitandukanye z'Uburundi.