Radio
Amakuru mu Gitondo
Umukuru w'igihugu cy'Uburundi arasaba abayobozi bo ishyaka rye CNDD/FDD kurekeraho gutoteza abatawurimo. Mu Rwanda, ejo urukiko rw’ubujurire rwatangiye kuburanisha urubanza rwa Rusesabagina na bagenzi be 20. Naho akanama k'Umuryango w'ubumwe bw'Afrika gateraniye i Kampala muri Uganda kugira ngo gatange ibitekerezo kw'ivugurura ry'Inteko y'Umuryango w'Abibumbye ishinzwe umutekano kw'isi.
Amakuru y'Akarere
Ingingo zigize amakuru yo kuri uno mugoroba: Bamwe mu Barundi bakorera ibikorwa vy’ubudandaji muri Teritware ya Fizi, mu buseruk bwa Repubulika ya demokarasi ya Kongo, bararajwe ishinga n’abajejwe umutekano. Abashikiranganji bajejwe imigenderanire b'Uburusiya na Leta zunze ubumwe z'Amerika bari mu nama i Geneve mu Busuwisi ku kibazo ca Ukraine.
Amakuru ku Mugoroba
Amakuru y’Ijwi ry’Amerika kuri uyu mugoroba ashimikira kuri ibi: Mu Burundi, imiryango yo mu kiyaya ca Rusizi irugarijwe n'inzara nyinshi bitewe n'uruzuba rwateye imirima yose ikuma. Iyo miryango isagasaba reta kuyifasha no kuyiha imbuto. Igitero c’indege cakozwe kw’ibohero ryo muri Yemeni cakomerekeje congera gihitana ubuzima bw’abarenga 100.