Radio
Amakuru mu Gitondo
Mu Rwanda sentare yungururizwamwo imanza yasibije urubanza ruregwamwo Paul Rusesabagina na bagenzi be. Bamwe mu Banyarwanda batuye mu mahanga bamaze gushyiraho ikigenga kigamije gufasha abaharanira uburenganzira bwa kiremwamuntu bafungiwe mu Rwanda. Uwahoze ari perezida wa Gineya, Alpha Conde, yavuye mu gihugu kuri uyu wa mbere
Iwanyu mu ntara
Mu Rwanda, Urukiko rwisumbuye rwa Huye mu ntara y’amajyepfo y’igihugu rwasubitse iburanisha ry’ urubanza ubushinjacyaha buregamo Beatrice Munyenyezi ibyaha bya jenoside. Uregwa n’ubwunganizi bazamuye ibyifuzo birimo no gusaba iburanisha ry’ibanze. Bamwe mu Banyarwanda baba hanze y'u Rwanda bamaze gushyiraho ikigega kigamije gufasha abaharanira uburenganzira bwa muntu mu Rwanda. (Fonds pour les Rwandais defenseurs des droits de la personne (FRDP). Leta zunze Ubumwe z’Amerika yizihije kuri uyu wa mbere umunsi wahariwe Martin Luther King Jr. umupasiteri w’umwirabura wabaye ikirangirire ku isi ufatwaho urugero mu guharanira uburenganzira bwa Muntu.
Murisanga
Mu Burundi hakomeje kwumvikana ikibazo c'abapfasoni bakora urudandazwa rutoruto mu mabarabara bavuga ko bahohoterwa n'abajejwe gukingira umutekano. Muri Murisanga y'uno munsi, twabatumiriye Madamu Genevieve Ntihabose, ari kw'ifoto yaciye ku mbuga ngurukanabumenyi yahererekanijwe cane mu ndwi iheze, imwerekana aryamye mu "vyamwa adandaza vyasanzajwe na polisi". Muri Murisanga y'uno munsi, Genevieve arashinga intahe y'ivyamushikiye umunsi ifoto yiwe ifatwa. Twatumiye kandi na Madamu Marie Goretti Ndacayisaba, umuhuza bikorwa mw'ishirahamwe Dushirehamwe rijejwe guteza imbere agateka k'abapfasoni na'bigeme mu Burundi.
Amakuru y'Akarere
Muri Republika ya demokrasi ya Congo, abasirikare batatu barimwo uwufise ipete rya Major baguye mu ngwano yari hagati y’i gisirikare ca Reta ya Kongo n’abarwanyi b’aba Mai Mai. Mu Burundi, komite y'igihugu ijejwe gukutatura amatati biciye mu biganiro yahaye ikiganiro abamenyeshamakuru kuri muhingamo w’uno musi ku wa kabiri. Ishaka gutanga intererano yayo kugira amasendika y'abarimu ntazoje muri yegereyegere nk'uko yabitangaje mu mpera z'indwi iheze.
Amakuru ku Mugoroba
Urukiko rw’Ubujurire ruri i Kigali mu Rwanda rumaze kwanzura ko Paul Rusesabagina yahamagajwe mu buryo bwemewe n’amategeko, rutegeka ko urubanza rwe rugomba gukomeza adahari. Abasirikare batatu be leta ya Kongo barimo ufite ipeti rya Majoro baguye mu mirwano yabaye hagati y’ingabo z'igihugu n’inyeshyamba za Mai Mai nkuko byemezwa n'inzego z'ubuyobozi bw'ingabo za Kongo Mu Burundi, komite y'igihugu ijejwe gukutatura amatati biciye mu biganiro yahaye ikiganiro abamenyeshamakuru kuri muhingamo w’uno musi ku wa kabiri. Ishaka gutanga intererano yayo kugira amasendika y'abarimu ntazoje muri yegereyegere nk'uko yabitangaje mu mpera z'indwi iheze.