Amakuru mu Gitondo (0330-0400 UTC): Amakuru agezweho mu Rwanda, mu Burundi, muri Afurika no hirya no hino kw’isi. Ijwi ry’Amerika kandi ribagezaho n’ibiganiro birambuye ku byabaye iwanyu aho mutuye, hafi y’aho mukorera ndetse no ku mashuri yanyu.
Iwanyu mu Ntara (1100-1130UTC): Ni ikiganiro c’umwihariko, gishimikira ku makuru avugwa mu ntara zitandukanye z’Uburundi n’u Rwanda, kidasize inyuma ayavugwa mu makambi yahungiyemwo impunzi z’Abarundi muri Afurika y’ibiyaga binini n’Afurika y’ubuseruko.
Mu kiganiro Murisanga cya none twabatumiriye abana bavutse ku babyeyi badahuje uruhu? Benshi bazwi ku izina ry’abametisi. Ariko kenshi ugasanga muri sosiyete barimo babita amazina atandukanye, menshi basanga agamije kubatesha agaciro.
Ikigo ca Amerika kijejwe iterambere mu makungu, USAID, kizoha Kenya imfashanyo yihutirwa y'imiliyoni 255 y'amadolari ijejwe guhangana n'ingaruka z'uruzuba.
Perezida Evariste Ndayishimiye w'Uburundi niwe yatowe na bagenzi ngo arongore umuryango wa Afrika y'Ubuseruko mu kiringo c'umwaka. Kuri uyu wa gatanu, Abakuru b'ibihugu 7 bigize uwo muryango bari mu nama i Arusha muri Tanzaniya igira 22.