Radio
Murisanga
Umwimbu wavuye mu kibazo co gusuzuma ubumenyi bw’abigisha b’ishure nshingiro mu Burundi, werekana ko abigisha muri rusangi baronse amanota 32.72 % mu cigwa c’igifaransa. Ibi bisigura iki? Niba abigisha batashoboye gushikana ibice 50 %, abo bigisha bo bite? Turabigarukako muri Murisanga
Amakuru y'Akarere
Perezida Kagame w'u Rwanda yavuze ko abashinja u Rwanda gufasha M23 bavuga ibintu uko bitari. Kuri we, gukemura ibibazo bya M23 bikeneye kwitwaza uburyo bwa politike aho kuba ubw’intambara. Umutama n'umwuzukuru wiwe baraye bishwe n'abantu bitwaje inkoho muri komine Rugombo mu ntara ya Cibitoke
Amakuru ku Mugoroba
U Rwanda rwizihije umunsi wo kwibohora ku nshuro ya 28. Umutama n'umwuzukuru wiwe baraye bishwe n'abantu bitwaje inkoho muri komine Rugombo. U Rwanda rwatangiye rwitwara neza mu irushanwa mpuzamahanga ry'umukino wa Tennis ryitwa Davis Cup ryatangiye kuri uyu wa mbere i Kigali mu Rwanda